Inama nkuru y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU

UN 66 general assembly Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption UN 66 general assembly

Abategetsi b' ibihugu bakoraniye New York mu kanya baratangura gushikiriza amajambo, mu nama igira 66 y'ishirahamwe mpuzamakungu yitezwe cane cane gushimikira ku bimaze iminsi bivurwa mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Mur'ivyo harimwo amahinduka amaze igihe mu bihugu vy'abarabu, hamwe n'ikibazo ca Palestina isaba kwemerwa nk'igihugu.

Abanyapalestina bavuga ko uku gusaba kwemerwa bifatiye ku gushaka ubwigenge bafatiye vyo bamaze iminsi babona mu mahinduka ya politique mu bindi bihugu vy'abarabu, kumwe rero no kubona inzira y'ibiganiro isa n' iyananiranye.

uwambere yitezwe kuvuga ijambo ni Barack Obama, amaze kumeneysha ko mu gutora kur'ico kibazo ca Palestina aja gushigikira Israel basanzwe bacuditse.

.