Sentare mu Bufaransa yahanye aba Islamkazi babiri

Umwambaro wa ki Islam ufuka hose Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umwambaro wa ki Islam ufuka hose

Abafaransakazi babiri b'aba Islam babaye aba mbere bahanywe kubera umwambaro ufuka mu maso, birengagije itegeko rishasha ribibuza.

Hind Ahmas na Najate Nait Ali, bombi bategetse kuriha ihadabu, ariko bavuga ko bazunguruza kuri iyo ngino no kuri sentare ya Buraya y'agateka ka zina muntu nivyakenerwa.

Imigwi imwe ya ki Islam yavuze ko hari abagore bahohotewe kubera kwitandiya hose, kuva aho itegeko ribuza umwitandiyo ufuka hose rigiriye mu ngiro mu Bufaransa mu kwezi kwa kane.

Ibindi bihugu vyinshi vy'i Buraya vyarashizeko canke biriko birategura gushirako iryo tegeko, naho hari abavuga ko rihonyora uburenganzira butangwa n'ibwirizwa shingiro.