Al Shabab iriko iratahukana abahunze uruzuba

Abahunze uruzuba muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abahunze uruzuba muri Somalia

Abakora ibikorwa vy'ubutabazi batewe impungenge n'ibihumbi vy'abantu muri Somalia, bariko barasubizwa mu mihana yabo bava mu nkambi bari bahungiyemwo inzara.

Abo bantu bariko basubizwa mu bice vyabangamiwe n'uruzuba hamwe n'inzara biri hagati ya Somalia.

Umuhari wa ki Islam, Al Shabab, uvuga ko uriko urasubiza abo bantu iwabo kuko igihe c'imvura cimirije bakaba ngo bategerezwa kurima.

Ariko abakora mu vy'ubutabazi batinya ko ivyo bishobora gutuma igitigiri c'abapfa ciyongera.

Hagati aho BBC yamenye ko abo bantu batariko barasubira mu zabo ku gushaka, ahubwo ngo ni ku gahato ka Al Shabab.