Abanye Palestine biteguriye kwiyerekana

Umunye Palestine aharira n'umusoda wa Israel Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umunye Palestine aharira n'umusoda wa Israel

Abanye Palestine biteguriye kwiyerekana bigahurirana n'uko umukuru wabo Mahmoud Abbas asaba muri ONU ko Paletine igirwa umunyamuryango mu masaha make ari imbere.

Israel nayo yagavye ku vyerekeye umutekano mu gihe vyibazwa ko abimukira b'abanye Israel bashobora gusotora abanye Palestine kubera ivyo.

Prezida Abbas yashimanze avuga ko aza gusaba ubunyamuryango naho leta zunze ubumwe za Amerika zibandanya kumuhimiriza ngo areke.

Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire yavuze ko ivyo guha Palestine ikibanza c'uburorereze muri ONU ngo baza kucihweza.