Imigambwe yo muri Kongo mu nama i Addis Ababa

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cyenda, 2011 - 18:24 GMT
Prezida Joseph Kabila ari mu bazokwitoza mu kwezi kuza

Prezida Joseph Kabila ari mu bazokwitoza mu kwezi kuza

Imigambwe mikuru muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, iri mu kugirana ibiganiro vy'iminsi ibiri ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa.

Bazohura baganire kugira haze hirindwe ubugizi bwa nabi mu gihe c'amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza.

Ivyo biganiro vyateguwe n'umuryango w'ubumwe bwa Afrika ufatanije n'ikigo kijejwe inyigisho z'amahoro n'umutekano.

Amatora aheruka muri Kongo yaranzwe n'itana mu mitwe ryahitanye abantu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.