Umugaba mu gisirikare yishwe muri Yemen

Itana mu mitwe rirabandanije muri Yemen Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Itana mu mitwe rirabandanije muri Yemen

Umwe mu bagaga b'igisirikare muri Yemen ashigikiye prezida Ali Abdullah Saleh yishwe n'abitwaje ibirwanisho batavuga rumwe na leta.

Abakuru b'abajejwe umutekano hamwe n'ab'imirwi y'amoko atandukanye bavuze ko uwo mugaba w'abasirikare kabuhariwe, yiciwe mu gitero cabaye uno munsi mu nkambi iri mu buraruko bw'umurwa mukuru Sanaa.

Hari n'ayandi makuru avuga yuko abatavuga rumwe na leta bafashe abasirikare ba leta 30 bari mw'iyo nkambi nyene.

Umukuri w'igihugu ca Yemen ahanganye n'abanyagihugu hamwe n'imirwi yitwaje ibirwanisho, co kimwe n'abahoze ari abagaba mu gisirikare ca leta, ariko bakivuyemwo.