Pakistani iriyamiriza ivyagiriji vya Amerika

Yousuf Raza Gilani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yousuf Raza Gilani

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Yousuf Raza Gilani, yavuze ko ivyo Amerika igira vyo gushira igitugu kuri Pakistani ataco bizoshikako.

Bwana Gilani ivyo yabivugiye mu nama iba gake yahuza abanye politike n'abajejwe amadini muri Pakistani, yahamagajwe nyuma y'aho umusirikare mukuru muri Amerika yagirije Pakistani ko ishigikiye abarwanyi.

Bwana Gilani yavuze ko ivyo vyagiriji vya Admiral Mike Mullen abiteye utwatsi.

Yavuze ko abategetsi ba Pakistani biteguriye kurwanira ukwishira n'ukwizana hamwe n'ubwigenge bwa Pakistani.

Abanyamakuru benshi bavuga ko benshi muri Pakistani babona ko ivyavuzwe na Amerika ari nko gushoza intambara.