Igisasu c'umwiyahuzi cahitanye 65 i Mogadishu

Igisasu ngo caturitse abanyeshule bagomba bakore ikibazo Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Igisasu ngo caturitse abanyeshule bagomba bakore ikibazo

Igisasu caturikijwe n'umwiyahuzi cahitanye abantu bashika ku 65 i Mogadishu, umurwa mukuru wa Somalia, abandi 50 barakomereka.

Umuduga wuzuye ibisasu waje uhagarara imbere y'inyubakwa ikoreramwo ubushikiranganji bw'indero mu mashure yisumbuye.

Uguturika kwakurikiye kwari gukomeye ku buryo hari ibice vy'imibiri y'abantu vyamijukiye ku metero amajana.

Benshi mubahaguye bari abana n'abavyeyi bari barindiriye kwumva nimba bararonse buruse zo kuja kwiga hanze.

Umunyamakuru wa BBC ari i Mogadishu yavuze ko ari vyo bintu bibi cane amaze kubona i Mogadishu.

Umurwi w'abarwanyi wa ki Islam, Al-Shabab, uvuga ko ariwo wagavye ico gitero.