Urupfu rwa Steve Jobs rwababaje benshi

Steve Jobs yapfuye Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Steve Jobs yapfuye

Imbuga za internet abantu baganiriraho zuzuye ubutumwa buvuga ku rupfu rwa Steve Jobs, umwe mu bashinze societe ikora ibyuma by'ikoranabuhanga yitwa Apple.

Mu Bushinwa honyine, hari ubutumwa burenze miliyoni 50 bwanditswe kuri Twitter, benshi muri abo banditse boherezaga ubutumwa bw'akababaro.

Bimwe mu byuma bwana Jobs yakoze ni mudasobwa za Apple Mac, i Pads na i Phones. Izo zikaba zikoreshwa buri munsi n'amamiliyoni menshi y'abantu hirya no hino kw'isi.

Umukuru w'Amerika Barack Obama yavuze ko Steve Jobs yahinduye ubuzima bw'abantu n'ubw'inganda zose.

Ati ikimenyekanishije ko yari igihangange n'ubutumwa bwoherejwe n'isinzi ry'abantu hirya no hino kw'isi ku byuma yikoreye. Steve Jobs yaguye i California nyuma y'indwara ya Cancer yaramaranye igihe. Apfuye afite imyaka 56.