Amabuye y'agaciro ya Congo yafatiwe mu Rwanda

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Congo mines

Umushikiranganji wa Congo ajejwe amakuru akaba n'umuvugigzi wa Leta Lambert Mende, arashima kubona Urwanda rwafashe ingingo yo gusubiza ayo mabuye.

Ku kibazo c'igitigiri canke ikiringo ayo mabuye yafatiwe mwo, Lambert Mende yabwiye BBC ko ata vyinshi azi ariko kw'ari ikimenyetso ciza c'imigenderanire y'ivyo bihugu.

Uwo mushikiranganji kandi arahakana ko ata rwangara rwatumye ayo mabuye aca mu myanya y'intoki abajejwe gucungera imipaka muri Congo, ikosa ngo riri kubayadandaza badaciye mu mategeko.

Lambert Mende avuga ko Congo ifise ikirere ca km 2400 ku rubibe n'ibihugu bibanyi, gutyo ikaba idashobora kugicungera cose, ibihugu bibanyi bitagize uruhara.