Agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel

Abatsindiye agasjimwe k'amahoro kitiriwe Nobel uyu mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Kuva ibubanfu, Tawakkul Karman yarwaniye amahinduka muri Yemen, umukuru wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf, na Leyman Ghowee wo muri Liberia nyene yarwaniye amahoro.

Uyu mwaka abatsinzindiye ako gashimwe n'umukuru wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf, uwundi munya Liberia yaharaniye amahoro Leyman Gbowee, kumwe n'umunya Yemen Tawakkul Karman yarwaniye demokarasi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rivuga ko rinezerejwe n'icemezo c'umurwi ujejwe gutoranya abahabwa agashimwe kitiriwe Nobel, aho ryemeza uruhara rw'abo bakenyezi mu guharanira agateka k'abagore.

Tawakkul Karman yabaye imboneza mu kurongora abagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta ya Yemen.

Agashimwe kiwe yagatuye abaharaniye amahinduka mu bihugu vy'abarabu. aho avuga kw'igihe c'intwaro z'igitugugu mur'ivyo bihugu carenganye.