Uganda: Abaminisitiri 3 bahagaritswe mu kazi.

Perezida Museveni Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Perezida Museveni

Abo bashikiranganji batatu bagirizwa ivyaha vyo kunyereza amafranga mu bikorwa bijanye n'itegurwa ry'inama ya Commonwealth yabereye Kampala mu 2007.

Abo bose auko ari batatu barahakana ivyo bagirizwa, bakavuga ko bazobiburana. Hagat'aho inama nshingamateka yatoye atawuvuyemwo ko abo bashikiranganji baba barahagaritswe kubera ivyo bakekwako ko banyuruje ubutunzi bw'igihugu mw'itangwa ry'amasoko yo kwimbura igitoro mur'ico gihugu. President Museveni yatanze ikiganiro ku banyamakuru aho yari yashigikiye abashingamateka biwe.