ONU ivuga ko ikibazo c'ubutunzi kizoteza akaguma kw'isi

Ikigo mpuzamakungu ca ONU kijewe ivy'akazi
Image caption Ikigo mpuzamakungu ca ONU kijewe ivy'akazi

Ishami rya ONU rijewe ivy'akazi kw'isi ryasohoye icegeranyo aho rigabisha ko ikibazo c'ubutunzi kigeze habi ku buryo gishobra guteza imigumuko.

Iryo shami rigereranya ko ubuzi bushasha imiriyoni mirongo umunani bukenewe mu myaka ibiri iri imbere kugira ibice vy'akazi kw'isi bisubire ku biharuro vyariko mu 2008.

Ariko iryo shami rivuga yuko igice c'ako kazi gusa ariko kazoshobora kuboneka.

Rivuga kandi yuko impamvu zituma imigumuko iba, ziguma ziyongera bitewe n'agashavu abantu bafise kubera kubura akazi, kandi bakabona ko harimwo kurenganywa.