Prezida Nkurunziza yahinduye leta

Prezida Nkurunziza yahinduye leta Uwufise ububasha kw’isanamu L.Materra
Image caption Prezida Nkurunziza yahinduye leta

Mu Burundi, umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ahejeje guhindura umunani mu bagize reta yiwe. Batandatu muri bo ni bashasha, babiri bahora muri reta yahahora, umwe akaba yahinduriwe ikibanza mu gihe uwundi bamwongeye amabanga yahora arabwa n’ubundi bushikiranganji.

Abo bashikiranganji bose ko ari umunani bakaba bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD. Muri reta nshasha umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni yahora araba umutekano mu gihugu yasubiriwe na Gabriel Nizigama, uwahoze ashinzwe imigenederanire n’amakungu ubu ari mu rugendo mu gihugu ca Iran, agiye gukorerwa mu ngata Laurent Kavakure yahora ari umuhanuzi w’umukuru w’igihugu muvyo imigenderanire akaba yaranaserukiye Uburundi mu gihugu c’Ububiligi.

Niragira Clotilde yahora na we nyene ari umuhanuzi w’umukuru w’igihugu, akaba yaranigeze kuba umushikiranganji w’ubutungane, yasubiriye mu mabanga yiwe Immaculee Nahayo yahora arongoye ubushikiranganji bwo gushigikirana.

Ubundi bushikiranganji bwahinduye abayobozi, n’ubwo ubutungane bugiye kurongorwa na Pascal Barandagiye, ubwo iterambere ry’amakomine bugiye kuramutswa Martino Nivyabandi yahoze ari umushikiranganji w’intwaro ibereye, ubwo amasako ntanganguvu bwahawe Ir Come Manirakiza, uwo na we akaba yasubiriye Moise Bucumi ubu yahawe ubushikiranganji bw’ibikorwa vya reta asubiriye Dr Saidi Kibeya.

Clotilde Nizigama yagumye mu bushikiranganji bw’ikigega ca reta ariko bamwongera amabanga yahorana ubushikiranganji bw’imigambi ya reta, Pierre Mupira yahora aburamutswa akaba yabogojwe.

Aba bashikiranganji bashikiye mu kazi katoroshe na cane cane abo umutekano hamwe n’uwo ubutungane. Umutekano uguma uhungabana uko bukeye uko bwije akaba ata musi wijana inkumbi itaguye, ari nako abanyagihugu baguma bataka ubutungane ngo buhane ababa bakoze ubwo bubisha.

Ubwo bushikiranganji ko ari bubiri buguma butungwa agatoke ko bukora na bi. Abapolisi baragirizwa kudacungera neza umutekano w’abanyagihugu kandi ko rimwe na rimwe bagira n’uruhara mu bikorwa bibi, mu gihe ubushikiranganji bw’ubutungane bwagirizwa gukorera mu kwaha kwa reta, mu gihe n’abacamanza bamaze imisi bahagaritse akazi binubira ingene reta yanka gushira mu ngiro amasezerano bagiriraniye