Vital Uwumuremyi akekwa ko ubuhamya bw'ibinyoma

Ingabire Victoire n'umwe mu mamwunganire, Ian Edwards Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ingabire Victoire n'umwe mu bamwunganira, Ian Edwards

Abunganira Ingabire bakomeje kunenga impamvu major Vital Uwumuremyi yoba yarireze kandi akemera ivyaha, bavuga ko atari agikwirikiranwako.

Major Uwumuremyi ngo ntivyumvikana ukuntu yireze icaha co kuba mi mitwe y'iterabwoba kandi yarakibabariweko igihe yemera gutaha mu Rwanda.

Maitre Gatera Gashabana, umwe mu bunganira Victoire Ingabire, yagaragarije sentare impamvu ico caha kitari kigiharurwa kuri Uwumuremyi, kuko umutu wese yemera gutahuka ava mu mashamba ya Congo atarerwa genocide, yaca asubira mu buzima busanzwe ata nkomanzi, marangije ingando ya Mitobo.

Maitre Gashabana avuga ko iyi nzira Uwumuremyi yayicishijwemwo, ikindi kandi cari kumumara impungenge ngo n'amasezerano Congo yagiranye n'Urwanda mu 2007.

Ayo masezerano ngo yavuga ko abakoreye ivyaha muri Congo batazobikurikiranwako mu Rwanda.

Maitre Gatera avuga ko hoba hari izindi mpamvu zihishe inyuma y'uku kwihana ivyaha atagikurikiranwako, avuga kuri Vital Uwumuremyi.

Urubanza ruteganijwe kuzokomeza ku munsi wa mbere.