Rusesabagina yaronse agashimwe ka Lantos

Paul Rusesabagina
Image caption Paul Rusesabagina

Agashimwe ka The Lantos foundation for human rights and justice kahawe Paul Rusesabagina, kagenewe abantu bitanze mu kurwana ku gateka k'abandi.

Ishirahamwe The Lantos Foundation ryitiriwe umushingamateka Tom Lantos yitavye Imana mu 2008, akaba yaraharaniye agateka ka zina muntu kw'isi hose.

The Lantos Foundation yakomeje kwagirizwa n'umuryango IBUKA w'abacitse kw'icumu rya genocide mu Rwanda, ko idakwiye guha ako gashimwe Rusesabagina.

Umukuru ywayo Katrina swett, yavuze ko yibaza ko ari uko Rusesabagina yubahutse kunegura inyifato ya leta ya Kigali yo gukandamiza abanyapolitique.

Umuryango IBUKA wabwiye BBC ko bene gutanga ako gashimwe batazi impamvu bashimira bwana Rusesabagina kuko batigeze bashika mu rwanda ngo babaze ku ruhara rwiwe.

Ibuka ivuga ko ata butwari izi kuri Rusesabagina

Abamaze gutsindira ako gashimwe barimwo umukuru w'idini muri Tibet the Dalai Lama, kumwe n'uwarokotse itsembabwoko ry'abayahudi "Holocaust" Ellie Wiesel.