Aung San Suu Kyi azokwitoza muri Birmaniya

Umupfasoni Aung San Suu Kyi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umupfasoni Aung San Suu Kyi

Umunye Birmaniyakazi Aung San Suu Kyi aharanira intwaro rusangi yamenyesheje ko azokwitoza ubwa mbere mu myaka 20 mu matora y'abashingamateka yimirije.

Umugambwe wiwe, National League for Democracy, wabanje kwemera kwiyandikisha mu matora yimirije yo mu ntara, nyuma yo kwanka kuja mu matora rusangi yo mu mwaka uheze.

Iyo ngingo ikurikiye amahinduka yagizwe na leta ya Birmania, harimwo kurekura impfungwa za politike hamwe no kugabanya ugukumira.

Umufpasoni Suu Kyi yatahukanye intsinzi ikomeye mu matora y'umukuru w'igihugu mu 1990, ariko igisirikare kiranka kuvyemera.

Yarekuwe ava aho yarapfungishirijwe ijisho mu mwaka uheze.

Kare umukuru w'igihugu Obama yavuze ko azorungika umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire, Hillary Clinton, muri Birmaniya mu kwezi kuza, rukazoba urugendo nk'urwo rwa mbere mu myaka 30.