Imyiyerekano yasubiriye mu Misiri

Ibihumbi vy'abanye Misiri mu kibanza ca Tahrir Square Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibihumbi vy'abanye Misiri mu kibanza ca Tahrir Square

Abantu ibihumbi n'ibihumbi mu misiri bahuriye mu miji ya Cairo na Alexandrie biyamiriza ivyo babona nk'ukwitsimbataza ku butegetsi kw'abasirikare.

Abegamiye idini rya Islam nibo bari imbere mu myiyerekano, ariko abiyerekana bavuye mu migwi ya politike itandukanye bahuriye i Tahirir Square mu muji wa Cairo.

Ico kibanzo gisigaye ari ikimenyetso gikomeye mu gihe ariho habereye imyiyerekano yakuye ku butegetsi Prezida Mubarak.

Iyi myiyerekano ibaye mu gihe hitezwe amatora y'abashingamateka mu kwezi kuza, akaba ari aya mbere kuva aho Prezida Mubarak akuriwe ku butegetsi.