ONU ihangayikishijwe n'umugambi wa nucleaire wa Irani

Uruganda rwa nucleaire i Bushehr muri Irani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uruganda rwa nucleaire i Bushehr muri Irani

Ishami rya ONU rigenzura ivy'inguvu za nucleaire rivuga ko rihangayikishijwe cane n'umugambi wa Irani werekeye inguvu za nucleaire.

Ingingo yafashwe n'iryo shirahamwe yahamagariye Irani kwishura ibibazo bisigaye bijanye n'ubushobozi bwayo mu vya nucleaire bidatevye.

Ariko iyo ngingo ntirimwo ivyo gushikana Irani imbere y'umugwi w'umutekano w'umuryango mpuzamakungu.

Irani yiyamirije iyo ngingo, yagiriza ibihugu vya buraya ko bishira politike mu bikorwa vy'ishami rya ONU rigenzura inguvu za nucleaire.