Imigumuko irakomeza mu Msri

Tahrir square Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Tahrir square

Abanyagihugu ba Msri bari mu kibanza ca Tahrir Square basemerera ngo "ntituva hano, n'agende" - bavuga Marshall Hussein Tantawi, ayoboye inama ya gisirikare irongoye igihugu iki gihe.

Ibihumbi vy'amabendera yamabara atukura, iryera n'iryirabura, niyo aboneka gusa gusa mur ico kibanza

Abari mu myiyerekano bahambijwe n'umu candidat ashaka kwitoza nk'umukuru w'igihgu, Mohammed El Baradei, yigeze gustindira agashimwe kitiriwe NObel.

Umukuru w'aba idslam b'aba sunni, Imam wa Alazhar, yarungikiye ubutumwa abari mur' ico kibanza ca Tahrir Square, avugako abasengera kugira batahukane intsinzi.

Uyu mukuru w'aba islam asanzwe aba Cairo, ntakunda kuvuga ku bijanye na politique cane.

Leta zunze ubumw eza Amerika nazo nyene zahamagariye abategetsi ba gisirikare gushira ubutegetsi mu minwe y'abanyagihugu mu maguru masha.

Television ya Msri yatangaje ko uwahoze ar'umushikiranganji wa mbere Kamal ganzouri , agiye kuyobora leta nshasha , inyuma y'aho iyahahora yemereye gutanga imihoho mu ntango z' iyi ndwi.

Ariko abanyamakuru bavuga ko bwana Ganzouri w'imyaka 78, bizomugora kumvirwa n'abari mur'iyo migumuko barwiriyemwo urwaruka.