Iran yashavuriye Ubwongereza kuber'ibihano

Imbere y'ibiro vy'uhagarariye U K iTehran
Image caption Imbere y'ibiro vy'uhagarariye U K iTehran

Amasanamu yerekanywe kuri television agaragaza ibendera y'Ubwongereza iriko irataburwa, n'inzandiko zatabwa hanze zicishijwe mu madirisha.

Abanyeshure bavogereye ivyo biro abter'urwamo batuka Ubwonegreza ngo burakavaho, imbere yo gutana mu mitwe na police.

Ivyo bibaye mu gihe leta ya Iran Yar'imaze kumvikana n'inama y'igihugu kugabanya imigenderanire yayo n'Ubwonegereza , biturutse ku bihano iheruka kongera gufatirwa