Ihagarikwa ry'akazi rya mbere rikomeye mu myaka 30 mu Bwongereza

Imyiyerekano y'abakozi ba leta mu muji wa Londres mu Bwongereza
Image caption Imyiyerekano y'abakozi ba leta mu muji wa Londres mu Bwongereza

Ubwongereza bwahuye n'ihagarikwa ry'akazi k'abakozi ba leta rya mbere rihambaye mu myaka 30 mu gihe abakozi imiriyoni zibiri bihaye amabaraba kubera pansiyo.

Amashure nka yose yugaye, kandi ibitaro vyasibije ibihumbi vy'abagomba kubagwa hamwe n'ukuvurwa gusanzwe.

Ariko ibibuga vy'indege mu Bwongereza gushika ubu nta kibazo biragira, kandi leta ivuga yuko munsi y'ica gatatu c'abakozi bayo aribo gusa bagiye muri iyi yegereyegere y'umunsi umwe.

Amashirahamwe y'abakozi ba leta yateguye imyiyerekano mu bibanza bishika amajana n'amajana.

Ayo mashirahamwe avuga ko abakozi basabwa gutanga amahera menshi mu kigega c'ubukukuruke canke pansiyo, bagasabwa kwongereza imyaka yo gukora mu mpera bagahembwa pansiyo ntoyi.

Leta ariko ivuga yuko iyo pansiyo izoguma ari nziza ugereranije n'abakora mu bisata vy'abikorera utwabo.