Utunenge mu matora y'Uburussiya

Vladmir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Vladir Putin, n'ikiranganteko c' umugambwe uri ku butugetesi inyuma y'iwe, yagendeye icicaro gikuru c'umugambwe kuwa 04/12/11

Umugambwe United Russia wari wasubiye inyuma cane, aho waronse amajwi adashika 50%, ugereranije na 64% wari washikanye mu matora heruka.

Abarorerezi b'urwego rujejwe ubutungane n'imigenderanire ku mugabane wa Bulaya, bavuga ko bamwe mu migambwe itavuga rumwe na leta, babujijwe kugira uruhara mur' ayo matora.

Ibinyamakuru n'amaradiyo navyo nyene ngo vyahaye ijambo umugambwe uri ku butegetsi kuruta iyindi.

Hari kandi ngo n' utunenmnge tundi twabonetse ku munsi w'amatora, ariko abarorerezi bavuga ko kitabujije ko abanyagihugu bagaragaza ico bifuza.