Igisasu c'umwiyahuzi cahitanye 50 i Kabul

Abakomerekeye mu gitero banyarukanywe kwa muganga
Image caption Abakomerekeye mu gitero banyarukanywe kwa muganga

Umwiyahuzi yaturikije igisasu i Kabul, umurwa mukuru wa Afghanistan, gihitana abantu mirongo itanu ku musigikiti w'aba Islam b'aba Shia igihe bahimbaza umunsi wabo mweranda.

Ico gisasu caturitse igihe aba Islam b'aba Shia bari bahuriye hamwe ngo bahimbaze umunsi mukuru wa Ashura, ukaba ari umunsi w'akaruhuko muri Afghanisatan.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko igitero nk'iki gifatiye ku macakubiri y'idini kitari bwaboneke muri Afghanistan.

Umukuru w'igihugu wa Afghanistan, Hamid Karzai, yavuze ko igikorwa c'iterabwoba nk'ico kitari bwakorwe na rimwe ku munsi mweranda.

Aba Taliban nabo nyene biyamirije ico gitero.

Hagati aho abandi bantu bane nabo nyene bahitanywe n'igisasu hafi y'umusigiti w'aba Shia mu buraruko bwa Afghanistani, mu muji wa Mazar-i-Sharif.