Umutekano muri Kongo wakajijwe

Abajejwe intwaro batinya akaguma nk'aka muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abajejwe intwaro batinya akaguma nk'aka muri Kongo

Umutekano wakajijwe mu miji myinshi yo muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu gihe hitezwe ko hamenyeshwa ivyavuye mu matora.

Abapolisi bahasha abari mu myiyerekano biriwe bagenzura umuji wa Kinshasa muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mugihe hitezwe ko hamenyeshwa ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye mu ndwi iheze.

Ivyuka bikoroza amasozi vyakoreshejwe mu gushwiragiza abashigikiye umukuru w'abatavuga rumwe na leta, Etienne Tshisekedi, bivugwa ko aza inyuma ya Joseph Kabisa mu majwi y'agateganyo.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ivyavuye mu matora bishobora gushikirizwa mu masaha akuze y'uno munsi, canke kare mu gitondo j'ejo.