Joseph Kabila yongeye gutsinda amatora

JOseph Kabila Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Joseph Kabila

Akana kajejwe gutunganya amatora kamenyesha ko Joseph Kabila yaronse amajwi 49% ku majwi 90% kamaze guharura.

Uwukwirkira ni Etienne Tshisekedi, yaronse amajwi 32%.

Abashigikiye Etienne Tshisekedi baamze kuvuga ko badashobora kwemera ivyavuye mur ayo amtora bavuga ko yibwe.

Ivyo biharuro bitegerezwa kubanza kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Abayoboke ba Etienne Tshisekedi bavuga ko batizigiye iyo sentare , kandi kw'ico bemera co nyene ar'uko umukandida wabo ariwe yatsinze amatora.

Mu muji wa Kinshasa hakomejwe ingingo z'umutekano, kugira bahangane n'imigumuko ishobora kwaduka inyuma yo kumenyesha ivyavuye mu matora.

Ubu mu mabarabara ya Kinshasa nta gakacira.