Uburussiya burega US gukokeza imigumuko

Vladmir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Vladmir Putin mu kiganiro yatangiye Moscow kuwa 08/12/11

Vladmir Putin yavuze ko amajambo y'umushikiranganji w'imigenderanire wa leta zunze ubumwe za Amerika, Hillary Clinton yahamagariye abatavuga rumwe na leta kuja mu myiyerekano.

Bwana Putin yemeza ko bamwe mu bari mur'iyo myiyerekano yo kwanka intsinzi y'umugambwe wiwe United Russia, babitumwa n'ubugunge bafise muri politike.

Ariko Hillary Clinton ivyo yavuze yabihagaze ko, yemeza ko Amerika yibaza ko intumbero abo banyapolitique batavuga rumwe n'ubutegetsi bafise zumvikana.

President Dimtry Medvediev yemeye ko hamwe hamwe har'utunenge twabonetse mu matora aheruka .