Kim Jong Ill yitabye Imana

Kim Jong Ill Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kim Jong Ill yitabye Imana

Urupfu rwa prezida wa Korea ya ruguru, Kim Jong Ill rwahangayikishije ibihugu bibanyi vyo mur'ako karere, vyari bisanzwe bifise impungenge ku mugambi w' ikoreshwa ry' inguvu za nuclear wa Korea ya ruguru.

Korea y' epfo yemeza kw' ingabo zayo zimeze maagabo.

Mu buyapani, leta yahamagaje inama y'abashikiranganji gitururmbuka.

Ubushinwa busanzwe bufata mu mugongo Korea ya ruguru, bwamaze kwerekana ko bushigikiye Kim Jong Un bibaza ko ashobora gusubira ku kirenge ca se kuyobora igihugu.

Uburusiya bwo ngo bwizigiye ko imigenderanire yabwo n' ico gihugu izoguma ari myiza.

Amerika iravuga ko izokomeza gukurakiranira hafi umutekano wa Korea y' ubumanuko.

.