Abategetsi ba Syria babohoye abantu 750

Arab league observers in Homs Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Youtube
Image caption Ifoto yafashwe ku masanamu ya video yashizwe kuri You Tube yerekana intumwa z'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu Homs, hirya yabo, ikimodoka ca gisirikare.

Itangazo ryacishijwe kuri television y'igihugu rimenyesha ko mu bari bagizwe imbohe barekuwe, abo ryise ko bafise amaraso y'abanyasyria mu biganza vyabo batarimwo.

Abaharanira uburenganzira bwabo bavuga ko hari barenga 40 000 bagipfunzwe.

Iryo rekurwa ribaye mu gihe haheze iminsi ibiri intumwa z'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu zimaze kugera muri Syria kwirabira uko ibintu vyifashe.

Ababa mu muji wa Homs ntibanezerejwe n'amajambo y'umuyobozi w'izo ntumwa general Mustafa Al Dabi, yavuze uko mur'uwo muji ibintu biboneka ko ata kibazo kihari cotera umwitwarariko.

Abo muri Homs bavuga kw'izo ntumwa zititayeho amakuba n'ubwicanyi vyashikiye abantu baho.

Izo ntumwa ziteze kongera kugendera uwo muji wa Homs n' ibindi bibanza bibiri, Hama na Idlib.