Ubwicanyi burabandanya muri Syria

Indorerezi z'Abarabu mu muji wa Homs Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Youtube
Image caption Indorerezi z'Abarabu mu muji wa Homs

Abategura ibikorwa vyo kwiyamiriza leta ya Syria bavuga yuko abajejwe umutekano bishe abantu bashika ku mirongo ibiri uno munsi.

Bavuga ko abajejwe umutekano barashe mu kivunga c'abantu bari bahuriye mu mihana igomba gugenderwa n'indorerezi z'umuryango w'ibihugu vy'Abarabu, harimwo imicungararo y'umurwa mukuru, Damascus.

Izo ndorerezi zatanguye akazi kazo kuwa Kabiri, zikaba zigomba kugendera uno munsi imiji myinshi yabayemo imyiyerekano, harimwo Deraa, Hama na Idlib.

Umunyamakuru wa BBC avuga yuko ukuza kw'izo ndorereza gusa nk'ukwunyuye ibintu hako kwobihosheje.