Muri Syria harashwe 32

Abigaragambya muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abigaragambya muri Syria

Amakuru aturuka muri Syria aravuga ko abashinzwe umutekano barwanye n'abantu ibihumbi n'ibihumbi barwanya ubutegetsi, bakoraga imyigaragambyo mu gace k'umurwa mukuru wa Damascus, bicamo 32.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baravuga ko abashinzwe umutekano barashe abantu igihe bavaga mu misigiti gusenga mu gace ka Douma.

Benshi ngo bakomeretse. Mu gace ka Deraa ho ngo hapfuye abantu 5 n'abandi 5 bagwa mu gace ka Hama.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baravuga ko abantu benshi bitabiriye imyigaragambyo bahamagaje mu gihe hari indorerezi z'umuryango w'ibihugu by'abarabu ziri kugenderera Syria.