Isanganya ry'ubwato muri IItaly ryatewe n'umuntu

Ubwato bwa Costa Concordia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwato bwa Costa Concordia bumaze kwibira uruhande rumwe

Umukuru w'ishirahamwe ry'ubwato buheruka gusamburwa n'igihongo hafi y'inkengera z'amazi y'akazinga ka Giglio aremeza kw'iryo sanganya ryatewe n'umudereva.

Pier Luigi Fosci yemeza k'ubwo bwato bwari bwateshejwe inzira bwari bwateguriwe kujana bukebejwe n'uwariko arabusoza kandi ishirahamwe ritabimenyeshejwe.

Bwana Fosci avuga kw'inyuma yo guseka ikibuye kinini, uwo mudereva ngo ntiyakurikiye amabwirizwa y' ishirahamwe.

Muri kino gihe uwari atwaye ubwo bwato ari mu minwe y'igipolisi kuirirko kiramubaza .

Ikirere kibi catumye ibikorwa vyo gutabara bitragendaneza.

Abantu batandatu niba bamaze kmeneyskana ko baguye mur'iryo sanganya.