Bapfunzwe kubera kwica Stephen Lawrence

Gary Dobson na David Norris Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Gary Dobson na David Norris, abahamwe n' icaha co kwica Stephen Lawrence

Abagabo babiri bakatiwe hagati y'imyaka 14 n'imyaka 15 y'igipfungo kubera ubwicanyi bufatiye ku macakubiri y'urukoba bakoze mu 1993.

Umucamanza yavuze ko urupfu rw'umusore Stephen Lawrence yacumiswe ibisu n'umurwi w'abasore 5 rwateye ubwoba igihugu.

Gary Dobson yakatiwe gupfungwa imyaka itari munsi ya 15, nayo David Norris akazomara iyitari munsi ya 14 mw'ibohero.

Nyina wa nyakwigendera Stephen Lawrence yavuze kw'ico gihano kidahagije.

Ariko rero avuga ko umucamanza afise intambamyi zifatiye ku buryo amategeko atunganije, kuko bene kwagirwa n'icaha bagikoze bakiri bato.

Se wa Stephen Lawrence yavuze ko yizigiye ko bene gukatirwa bazoheza bakavuga bagenzi babo bafatinije mur'ico caha co kwica umuhungu wiwe.

Itohozwa ryakozwe kur'urwo rupfu rwa Stephen Lawrence ryasanze mu rwego rw'igipolisi harangwamwo amacakubiri afatiye ku moko, bituma amategeko ya hano mu Bwongereza ahinduka, ndetse n'uburyo urwo rwego rutunganijwe.