David Cameron yagirije Irani gufasha Syria

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yagirije Irani hamwe na Hezbollah yo muri Libani, gufasha leta ya Syria guhasha abiyerekana.

Bwana Cameron yavuze ko ibimenyetso bimaze kuboneka, vyerekana ko Irani iha ibirwanisho abajejwe umutekano muri Syria.

Umushikiranganji wa mbere Cameron yavuze ko igihugu ca Turkiya kimaze gufata bimwe muri ivyo birwanisho.

Yavuze ko Hezbollah nayo nyene ifashe mu mugongo umukuru w'igihugu ca Syria, Bashar Al-Assad, yise umunyagitugu amaze kugandagura isinzi ry'abanyagihugu biwe.