Uburusiya bugabisha kudatera Irani

Umushikiranganji Sergei Lavrov Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umushikiranganji Sergei Lavrov

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov, yagabishije avuga ko igitero c'abanyaburaya kuri Irani coba ari agahomerabunwa.

Bwana Lavrov yabariye abanyamakuru i Moscow ko bagomba kubaza abo baguma bavuga ivy'ico gitero yuko koko kizoba.

Ariko yavuze ko kwoba ari ugukongeza umuriro mu kibazo c'indyane z'amadini kiri mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Ivyo bwana Lavrov yabivuze nyuma y'aho umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi avugiye yuko igihugu ciwe kititeguriye gufata ingingo yo kugaba igitero kuri Irani kubera umugambi wayo wa nucleaire.