Ubumara bwo mu birombe buhitana abana muri NIgeria

Icukurwa rya zahabu muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu system
Image caption Icukurwa rya zahabu muri Nigeria

Abana bagera ku 700 baramaze gupfa bazira ubumara bwa plomb mu karere ka Zamfara, buturuka mu mikungugu ituruka mu birombe vy'inzahabu.

Bariko baragerageza kugabanya ubwo bumara mu kirere, ariko biraboneka ko abacukura amabuye y'agaciro bakomeza kwiyongera cane.

Leta ya Nigeria iteganya kuzana abahinga mu kwimba ayo mabuye y'agaciro bo mu Bushinwa na Afrika y'epfo , ariko ngo bizofata umwanya kugira basubirire abacukura bakoresheje uburyo butari ubwa kijambere.