Imigumuko yongeye kwaduka muri Senegal

President Abdoulaye Wade Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption President Abdoulaye wade

Imigumuko yadutse hagati y'abanyeshure ba kaminuza n'abasirikare igihe baanyeshure bariko bashaka kuva mu kigo ca kaminuza baja mu bitaro ahari ikiziga ca mugenzi wabo.

Umwe mu banyeshure ba kaminuza yaguye mu myiyerekano yabaye ejo, aho igisirikare cariko kigerageza gutatanya abari mu myiyerekano.

Ikiziga c'uwo munyeshure cari cajanywe ku bitaro, aho bao banyeshure bagenziwe bashka kuja kur'uyu wa gatu ku mugoroba

Umuvugizi w'igipolisi Hanora Sy avuga kw'igipolisi cagerageje gusunika abo banyeshure kibasubiza mu kigo, gikoresheje imyuka irakira, aremeza kandi kw';abanyeshure baturiye imodokari ya bus.