President Bashir yashinze ubutegetsi muri Darfur

president Omar Al Bashir Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption President Omar Al Bashir

President Omar Al Bashir yatanguje icese ubutegetsi bushasha mu karere ka Darfur, ubutegetsi ariko bumaze kwiyamirizwa n'imirwi yitwaje ibirwanisho ikomeye.

President Bashir yifatanije n'abandi mu gutamba mu birori vyo gutanguza ubwo butegetsi, buzoba bujejwe gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano ya Doha.

Ayo masezerano ya Doha yashizweko igikumu umwaka uheze arimwo kugabangana ubutunzi mur'ako karere ka Darfur kasinzikajwe n'intambara kuva mu 2003.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya igitigiri c'abahasize ubuzima mu myaka hafi 10 iyo ntambara imaze, mu 300 000