Rwanda:Mugesera yajanywe imbere ya sentare

Leon Mugesera Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Leon Mugesera ashikanywe ku kibuga c'indege ari kumwe n'abapolisi

Leon Mugesera ,asanzwe akwirikiranwa ku caha co gukokeza urwanko rufatiye kw'ivanguramoko no guhimiriza abanyagihugu gukora genocide mu Rwanda, uyu munsi yarengukijwe na sentare.

Inyuma yo kumva ivyo arerwa, Leon Mugesera yasavye ko yohabw aumwanya ukwiye kugirango ashobore kurondera uwumwunganira mu mburano ziwe.

Urubanza rwaciye rwungururizwa ku rindi sango.

Icemezo co kumusubiza mu Rwanda cafashwe mu mwaka wa 2005 ariko Mugesera akomeza kukiburana.

Mugesera azira amajambo yavugiye mu nama ya MRND ku Kabaya, i Gisenyi, muri 1992 igihe yari icegera c'umukuru waMRND muri perefegitura ya Gisenyi.

Araregwa ko yahamagariye Abahutu kwica Abatutsi bakabata muri Nyabarongo ikabageza aho bakomoka muri "Abisiniya".