Uburusiya buragabisha abashaka kwinjirira Syria

homs combatant
Image caption Umurwanyi afise inkoho muri Homs

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya Vladmir Putin avuga ko amakungu akwiye kwitondera ikibazo ca Syria kugira ntikibe nk' ivyabaye muri Libya.

Avuga ko har'ingeso yadutse mu makungu yo gukoresha inguvu mu gukemura ibibazo imaze kuba akamenyero, aho avuga ko idashobora kwemerwa na mba mu Burusiya.

Kubona Uburusiya bwaranse gutora ingingo yo kwemeza ingingo z'inama nkuru y'umutekano kuri Syria, vyafashwe nko gufatira amaboko imugongo amakungu mu kigoro arimwo ko kugarura amahoro muri Syria.

Leta ya Turkiya yatanguye inzira y'imigenderanire hagati y'ibihugu kugirango bikomeze kugondoza leta ya Syria, ndetse igashaka n'uko haba inama mpuzamakungu.