Afghanistan yaraganiriye n'aba Taliban

Prezida Hamid Karzai (i bubamfu) n'umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Yusuf Raza Jilani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Hamid Karzai (i bubanfu) n'umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Yusuf Raza Jilani (i buryo)

Umukuru w'igihugu wa Afghanistan, Hamid Karzai, yavuze yuko leta yiwe yagize ibiganiro vy'inyabutatu na leta ya Amerika hamwe n'Abataliban.

Umunyamakuru wa BBC ari i Kabul avuga yuko ari ubwa mbere umukuru wa Afghanistan yemera ko umubonano nk'uyo wabaye.

Mu kiganiro yatanze imbere y'uko aja Islamabad, bwana Karzai yavuze kandi ko yizeye ko Pakistani izokora ivyo iteregezwa kugira hagaruke amahoro mu karere.

Bwana Karzai yamaze kugirana umubonana n'abategetsi ba Pakistani i Islamabad.

Baraza gusanwa n'umukuru w'igihugu ca Irani, Mahmoud Ahmadinejad ku mugoroba w'uno munsi.