Manchester City na United : Baratsinze

Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Manchester United

Imirwi ya Manchester City na Manchester United yitwaye neza hanze mu mikino yo guhatanira igikombe cy'uburayi yabaye kuwa kane.

Manchester City, ya mbere mw'irushanwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, yatsindiye FC Porto yo muri Portugal ku kibuga cyayo Estadio do Drago ibitego 2-1.

Naho Manchester United, ya kabiri mw'irushanwa ryo mu Bwongereza, itsindira Alax iwayo mu Buholandi ibitego 2-0.

Arsenal yo ariko yanyagiwe na AC Milan yo mu Butaliyani yayitsinze ibitego 4-0 mu mukino wabaye kuwa 3 mu Butaliyani.