Burma yatezuriye abatavuga rumwe na leta

Aung San Suu Kyi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aung San Suu Kyi

Umugambwe "the National League for Democracy (NLD)", wari wavuze ko ufise ingorane zo kwemererwa gukoresha ibibuga vy'umupira mu kwiyamamaza, kandi kw'ivyo vyobangamira amatora yimirije gusubirwamwo.

Umugambwe wa Aung San Suu Kyi wemeza ko kubuzwa gukoresha ivyo bibuga vyerekana ko hari umwana n' ikinono hagati y'imigambwe yemewe muri Burma, aho wasavye ko amategeko yosubirwamwo.

Abanyamakuru bavuga ko kubona leta yemeye gutezura izi ngingo ari ibintu biatri bisanzwe.

Aung San Suu Kyi, aheruka gupfungurwa aho yari acungishijwe ijisho mu 2010, ariko yiyamamariza ikibanza mu nama nshingamateka mu matora azoba mu kwezi kwa kane.

Aya matora yimirije gusubirwamwo afatwa nk'igipimo kuri leta ya Burma , co kwihweza intambwe igezeko muri democratie.