Abanyamakuru 2 b'ibulaya baguye muri Syria

Abanyamakuru biciwe muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyamakuru 2 biciwe muri Syria

Abaharanira uburenganzira bwabo bavuga ko abanyamakuru 2 baturuka iBulaya bahitanywe n'igisasu catewe n' ingabo za leta, mu nzu bakoreramwo mu muji wa Baba Amr.

Abandi banyamakuru babiri bakomeretse.

Ubufaransa bwasavye ko boronka uburyo bwokuvurwa.

Abategetsi b'ikinyamakuru the Sunday Times ca hano mu Bwongereza Marie Colvin yakorera, bavuga ko bariko baragerageza uburyo boronka ikiziga ciwe, bakanashikira umunyamakuru wundi yakomeretse.

Ico kinyamakuru kivuga ko Marie Colvin yari umukozi w'akataraboneka, yama ashize umutima ku bakandamijwe mu bihe vy'intambara.

Abandi banyagihugu bagera kuri 13 bahitanywe n'intambara muri Homs uyu munsi.