Abadandaza amenyo y'inzovu bishe 400 muri Cameroun

Inzovu zishwe muri Cameroun Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inzovu zishwe muri Cameroun

Abajejwe intwaro muri Cameroun bavuga yuko abantu bitwaje ibirwanisho barashe inzovu zishika amajana mu ndwi ziheze, mu buraruko bw'igihugu.

Ico gitigiri kirenze kure icari kizwi, muri ubwo bwicanyi budasanzwe bw'inzovu bugamije kugurisha amenyo yazo.

Umuvugizi wa park ya Bouda Ndjida yavuze ko ibisigazwa vy'inzovu bishika amajana ane vyatowe.

Yavuze ko ubwo bwicanyi bw'inzovu butashotse bwigaragaza kuko iyo park zibamwo ari nini cane.