Umunyamakuru Paul Conroy yavanywe muri Syria

Paul Conroy Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Paul Conroy

Umunyamakuru Paul Conroy yakomerekeye mu muji wa Homs, ubu amaze gushikanwa muri Libani mu kinyegero.

Umwe mu baserukira ibihugu vyabo muri Syria yabwiye BBC ko Paul Conroy yajanywe akuwe mu muji wa Baba Amr ejo, abifashijwemwo n'abatavuga rumwe na leta.

Bwana Conroy asanzwe akorera ikinyamakuru the Sunday Times , yari muri Syria kumwe na Marie Colvin yishwe mu ndwi iheze.

Ntibiramenyekana neza niba hari bandi banyamakuru bamaze kuva muri Baba Amr.

Ikibazo c'aba banyamakuru catumye amakungu abona amenya uko abantu bamerewe muri Homs, aho ishirahamwe Croix Rouge ririko rigerageza gufasha abakomeretse.