Korea yo mu buraruko iriko iriyorosha

Imfashanyo z'ibifungurwa zigenewe Korea yo mu buraruko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imfashanyo z'ibifungurwa zigenewe Korea yo mu buraruko

Leta zunze ubumwe za Amerika zivuga yuko Korea yo mu buraruko yemeye guhagarika kuryohora ubumara bwa uranium no kugerageza ibisasu birasa kure.

Ubushikiranji bw'imigenderanire bwa Amerika bwavuze ko Korea yo mu buraruko yemeye ko abagenzuzi bavuye muri Amerika binjira ko vyakozwe.

Umuvugizi w'ubwo bushikiranganji, Victoria Nuland, yavuze yuko Amerika nayo yemeye guheraheza ibikenewe ngo hatangwe amatoni ibihumbi 240 y'ibivungurwa.

Ivyo bikurikiye ibiganiro vy'abaserukiye Amerika na Korea yo mu buraruko vyabereye i Beijing mu ndwi iheze.