Umuji wa Benghazi ushaka kwiyonkora

Abitavye inama y'shingwa ry'ubutegetsi bwa Cyrenaica i Benghazi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abitavye inama y'shingwa ry'ubutegetsi bwa Cyrenaica i Benghazi

Abaserukiye amoko hamwe n'abakuru b'abagwanyi mu muji wa Benghazi mu buseruko bwa Libya bavuze ko intara yabo, ifise ubutunzi bwinshi bw'ibitoro, igomba kugira ubwigenge.

Bavuze ko ubuseruko bwa Libya, buzwi kw'izina rya Cyrenaica, bwafashwe minenegwe imyaka n'imyaniko, ngo rero ubu harageze ko iba intara yigenga mu zindi.

Abakuru baho mbere banashinze inama ijejwe gutunganya ubutegetsi.

Umugwi mfatakibanza urongoye Libya, watanguje ibikorwa vyakuye Col Ghaddafi ku butegetsi uhereye i Benghazi, witandukanije n'iciyumviro c'uko iyo ntara yogira ubwigenge.

Umunyamakuru wa BBC ari i Benghazi, yavuze yuko hazoba ibiganiro vyinshi hagati y'abatwara Libya n'abatwara Benghazi, imbere y'uko hafatwa ingingo ku ntara ya Cyrenaica.