Afghanistan: Intumwa za leta zarashwe

Imyiyerekano y'abiyamiriza ubwicanyi bw'abantu 16 muri Afghanistan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano y'abiyamiriza ubwicanyi bw'abantu 16 muri Afghanistan

Abantu bitwaje ibirwanisho b'abanye Afghanistan barashe intumwa za leta zagendeye umuhana uheruka kwicwamwo abantu 16 bishwe n'umusirikare wa Amerika kuwa Mungu.

Abasirikare ba Afghanistan nabo bivunye mu kurasa igihe izo ntumwa zaterwa mu muhana wa Balandi, mu ntara ya Khandahar.

Umusirikare umwe yishwe, izo ntumwa zica zisubira mu muji wa Kandahar.

Izo ntumwa zirimwo abavukanyi babiri ba prezida Karzai, zariko ziravugana n'imiryango y'abishwe mu gitero co kuwa Mungu.

Kare i Jalalabad, amajana y'abanyeshule bihaye amabarabara biyamiriza ubwicanyi bwagizwe n'umusirikare w'umunye Amerika.