Afrika yiyemeje guhiga Joseph Kony

Umukuru wa LRA Joseph Kony Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Afrika igire ihagurukire ikibazo c'umukuru wa LRA, Joseph Kony

Umuryango w'ubumwe bwa Afrika wiyemeje gushinga umugwi w'inteko z'abasirikare 5000 bo guhiga umukuru wa LRA, Joseph Kony.

Umugwi washizweko n'uwo muryango ngo wige uburyo bwo guheraheza ikibazo gitewe n'uwo mukuru w'inyeshamba za Lord's Resistance Army, washitse ku cemezo c'uko agomba guhigwa agafatwa.

Umuvugizi w'igisirikare ca Uganda, Col Felix Kurayigye, yabariye BBC ko ibihugu bimaze kwemera gutanga abo basirikare ari Uganda, Kongo-Kinshasa, Sudani y'ubumanuko na Republique Centre Africaine.

Uganda ivuga ko izoterera abasirikare bashika ku gihumbi n'amajana atanu muri ico ngabo 5000, zikazogira icicaro gihugu i Obo muri RCA.

Joseph Kony yarananiranye gufata?

Mu gihe Uganda n'ibihugu bibanyi vyari bimaze imyaka bihiga Joseph Kony ntafatwe, abajijwe nimba bidasigura ko bananiwe, Col Kurayige yavuze ko atari vyo.

Yabandanije avuga ko kuba Kony atakiri muri Uganda kandi akaba aguma yiruka, vyerekana ko ata nguvu agifise.

Ngo naho atarafatwa, amerewe nabi ku rugamba, ngo umwe mu bagaba biwe akaba aheruka gukomerekera muri RCA ubu akaba ari mu minwe y'abasirikare ba Uganda.

Ariko naho umuryango w'ubumwe bwa Afrika wafashe iyo ngingo, kugira uwo mugwi utangure gukora biracari kure kuko amahera uzokoresha n'ubundi buryo bitaratororokanywa.

Umukuru wa Lord's Resistance Army, umugwi w'inyeshamba urwanya leta ya Uganda wavutse mu myaka ya 80, Joseph Kony, yagirizwa kunyuruza no gukubagura ibihumbi vy'abantu, bagizwe ahanini n'abana.